INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO
INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO ni umwe mu migambi myinshi y'IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI. Intumbero y'uyu mugambi ni ukubegeraniriza indirimbo zo hirya no hino na cane cane iz'i Burundi, izo mu Rwanda na Tanzaniya.

Agahogo k'Abarundi
Inyarwanda
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
Lyrics: Amajambo y'indirimbo

Rindira gato...

Burundi mutima w'Afrika


Akira impundu ndaguhaye
Nayo ishimwe ngutuye amaboko
Rugori rwera katabonwa na bose
Cirore c'ubwiza ntangere

Abawe bakwise Burundi
Nanje nkwise Buramuko
Kirezi casaruwe neza
Bwirukiro bw'abo wibarutse

Amakungu
Yose arata ubwiza wamanye
Imisozi ibiyaya n'ibiyaga bigutatse
Oooh Burundi, uri umutima w'Afrika
Nzogukunda gushika gupfa

Rukundo rwakundiye abo bose
Bagize Imana bakakubamwo
Shurwe rimotera neza
Nzogukunda gushika gupfa

Ruhongore rw'Abarundi bose
Nta majambo mfise yoguhaya
Kayeye kocika ntibunge
We ragi ry'abasokuru

Amakungu
Yose arata ubwiza wamanye
Imisozi ibiyaya n'ibiyaga bigutatse
Oooh Burundi, uri umutima w'Afrika
Nzogukunda gushika gupfa

Ruhongore rw'Abarundi bose
Nta majambo mfise yoguhaya
Kayeye kocika ntibunge
We ragi ry'abasokuru

Vyara rera kuza Burundi
Bibondo vyawe wibarutse
Twese Abarundi tuzokurwanira
Tuguteze imbere mu mahoro

Amakungu
Yose arata ubwiza wamanye
Imisozi ibiyaya n'ibiyaga bigutatse
Oooh Burundi, uri umutima w'Afrika
Nzogukunda gushika gupfa

Nzogukunda gushika gupfa



2019 Ikirundi ku ngurukanabumenyi