Rindira gato...

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO


INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO ni umwe mu migambi myinshi y'IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI ufise intumbero yo kubegeraniriza indirimbo zo hirya no hino na cane cane iz'i Burundi, mu Rwanda na Tanzaniya.

Agahogo k'Abarundi
Inyarwanda
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Hirya no hino
Lyrics: Amajambo y'indirimbo

Reka ngende i Burundi


Reka ngende i Burundi ma
Iyo Imana yavuye

Reka ngende i Burundi ma
Iyo bavyara bagaheka

Reka ngende i Burundi ma
Iyo bagwiza umuryango

Reka ngende i Burundi ma
Iyo bahoza ibibondo

Reka ngende i Burundi ma
Iyo basangira twose

Reka ngende iyo bavuze
Iyo basangira ijambo

Reka ngende iyo bavuze
Iyo basangira ingingo

Wogenda
Niwadukumbura uzoza
Niwadukumbura uzogaruka
Mama reka ngende

Reka ngende i Burundi ma
Ndahasanga umuryango

Umukobwa akura iyo aroye
Ni yo amenyera amabanga
Umukobwa ntagira urugo
Ngo ni incuti yo ku nzira
Umukobwa ntavuza uruhwa
Ngo aba asema umuryango
Umukobwa iyo acikiye
Ngo aba acikije ijambo

Oya mama siko bimeze
Umukobwa nyene ikigega
Urugo ni urw'umwigeme
Ni we abika akabanga

Wogenda
Niwadukumbura uzoza
Niwadukumbura uzogaruka
Mama reka ngende

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we avyara agaheka

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we yonsa agaheka

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we asenya akavoma

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we asya agacumba

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we asoroma akarondera

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we ahoza ikibondo

Umwigeme ni nyene urugo
Ni we abika amabanga

Wogenda
Niwadukumbura uzoza
Niwadukumbura uzogaruka
Mama reka ngende
Guhoza umwana
Reka ngende i Burundi, iyo bahoza ibibondo