INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO
INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO ni umwe mu migambi myinshi y'IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI. Intumbero y'uyu mugambi ni ukubegeraniriza indirimbo zo hirya no hino na cane cane iz'i Burundi, izo mu Rwanda na Tanzaniya.

Agahogo k'Abarundi
Inyarwanda
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
Lyrics: Amajambo y'indirimbo

Rindira gato...

Mbayahaga, Bagaza n'abandi


Indirimbo akunda
Ni iz'abacuraranzi
Bo hakurya y'amazi
Agahaya umurundi
Aba i Buruseli
Ngo arabica bigacika
Kene Ntiruhwama
Hari ico bapfana
Ngo basangiye umugambwe

Indirimbo zabo
Ni zo zamuryoheye
Ari na co gituma
Zivuga mw'iradiyo

Jewe ndanka igitsure
Ati usa na Mbayahaga
Nyakujanwa na Waga
Nanje ndashavura
Mbega urwaye abaganza
Andega kwa Bagaza
Kwa Buyoya kwa Bikomagu
Iyo nyana y'imbwa
Nyakuvuna umuheto

Indirimbo zabo
Ni zo zamuryoheye
Ari na co gituma
Zivuga mw'iradiyo

Umuntu ari hano
Ko anteye amakenga
Yoba ari mbangamatwi
Twoba tukiri mu buja
Bw'akagwi k'abanyabururi
Gashindi wa Mpara
Yateretse ubusage
None ubu ni umurasta
Ngo mu myaka iri imbere
Uraheza witoze
Ube umukuru w'igihugu
Ngo mu myaka iri imbere
Uraheza witoze
Ube umukuru w'igihugu

Imigambi yawe
Hamwe itabereye
Tuze tukwime amajwi
Bivugwe mw'iradiyo
Runo ruririmbo
Nirutakuyohera
Bizoba ari ibisanzwe
Uzimye iyo radiyo

Bahaga
Bahaga


2019 Ikirundi ku ngurukanabumenyi