Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze [ Imyibutsa y'ikirundi]
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

Utwâtuzo ni utumenyētso dushirá ku majwí tugahéza tukērekana ingéne ijāmbo risomwá. Mu kirŭndi harihó amajāmbo mĕnshi yāndikwá kumwé aríko ntăvugwe kumwé. Iyó rēró umūntu aríko arasoma amajāmbo nk'ăyo, arashóbora kugira amadĭdāne mu kuyasoma cânké akayasoma nâbí bitāndúkānye n'ûkó uwayânditse yashātsé kuvúga. Iyó utwâtuzo dukorêshejwe nêzá ayo madĭdane aravahó.

Uturorero:


inkokó
inkōko
intore
intŏre
inzúzi
inzûzi
ibisókozo
ibisôkōzo
inzara
inzâra
umuryāngo
umuryângo

Indimburo



GUKARISHA UBWENGE






Abărōngōye Uburŭndi


Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.