Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze [ Imyibutsa y'ikirundi]
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

Iryapfunditwe
  1. umuriro
    rero
  2. Poro
    Repuburika
    Amadorari
Insiguro canke imvo
  1. Mu kirundi iryo jwi ryegereye r gusumba l
  2. Amajambo matirano afatwa nk’ay’ikirundi, kuko aheza akigana inyubako n’imvugo y’ururimi rutira. Ni hamwe n’uburyo amajwi aheza agakurikirana.
    Uturorero
    • Umukirisu: ntibavuga umukristu.
    • Ikawa yitwa robisita: ntibavuga robista.
    • Intara ya Afirika: ntibavuga Afrika.
Iryapfunditwe
  1. urusato
    amasaka
    isaka / ishaka
    igisaka
  2. igishakashaka
Insiguro canke imvo
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
Iryapfunditwe
  1. umusi
    imisi
  2. isomerwa
Insiguro canke imvo
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
Iryapfunditwe
  1. umupfakazi
    gupfupfahaza
    umupfumu
    kwipfuza
  2. umufa
    ifu
    gufutera
Insiguro canke imvo
  1. Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
  2. Kumenyesha urwaruka ikirundi c'itsitso.
Iryapfunditwe
  1. kurwana
    indwara
    kurwana
    indwano
    urwarwa
    urwiri
  2. kugwa
    kugwabira
    umugwi
Insiguro canke imvo
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
Iryapfunditwe
kubwira
imbwa
Insiguro canke imvo
Mu vy'ukuri si bw kandi si bg. Ariko abanditsi benshi bamenyereye bw.
Iryapfunditwe
ityazo
gutyo
ntya
Insiguro canke imvo
Mu mvugo bamwe bakoresha rty, ndty, abandi ty, nty. Ariko ibigereranye ni ty, nty.
Iryapfunditwe
  1. kwurira
    kwongera
    kwubaka
  2. nkurira
    nkongera
    nkubaka
    nkicara
  3. kw'urubeya
  4. akana k'ubwenge
Insiguro canke imvo
  1. Itsitso ni -urir-, -onger-, -ubak-. Ku- na yo ni inyitangizo y'umuvugire wa kigenze. Ijwi u ryo kuri ku- ricika incamwanya w kuko rikurikiwe n'irindi jwi rivuga mw'ijambo rimwe.
  2. Ibihimba ni:
    /n-ka-urir-a/
    /n-ka-onger-a/
    /n-ka-ubak-a/
    /n-ka-icar-a/

    Mw'ijambo ijwi a rikurikiwe n'ayandi avuga atangura itsitso bararisimba:
    /n-k(a)-urir-a/
    /n-k(a)-onger-a/
    /n-k(a)-ubak-a/
    /n-k(a)-icar-a/

    Muramenye: amajwi a na i arakunda kurondana akavyara e.
    Uturorero:
    amenyo = /a-ma-inyo/
    benshi = /ba-inshi/
  3. kwa = /ku-a/
    Kwa ni indongorazina, mugabo mu majambo abiri amajwi avuga akurikiranye, irya mbere bararisimba
  4. ka = insanisha.
Iryapfunditwe
yaganye
twarakanye
warahonye
Insiguro canke imvo
Urwaruka rusigaye ruvuga ny.
Iryapfunditwe
  1. igiti
    igikere
    nya gikoko gica gipfira hano.
  2. kiti
  3. kitubwira
Insiguro canke imvo
  1. Amajwi agumye y'inyitangizo arahinduka akoroha iyo itsitso ry'ijambo ritangurwa n'irigumye.
  2. Kwandika ukurikije imvugo y'Abarundi.
  3. kitubwira = /ki-tu-bwir-a/
    ki-
    = iny.
    -tu- = ind.
    -bwir- = its.
    -a = agas.

    Inyitangizo n'itsitso ntibikurikirana.
Iryapfunditwe
iryungane
Insiguro canke imvo
Ni co abana bamenyereye.
Iryapfunditwe
maze
yamenye
Insiguro canke imvo
Ni yo nyandiko ibangukiye abantu batari abahinga.


Aho twabikuye
Inyandiko y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INYANDIKO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Inyandiko y'ikirundi
INYANDIKO Y'IKIRUNDI
AKAJAMBO K'INTANGAMARARA


Itegereze neza

Kubera ko vyanditswe kera (mu 1984), birashoboka ko hoba harabaye ayandi makoraniro yo kwihweza amategeko yokwisungwa kugira ururimi rw'ikirundi rwandikwe neza. Murumva rero ko bishoboka ko hoba hari ivyahindutse kuva ico gihe.

Biranashoboka kandi ko hari izindi nyandiko canke ibitabu birimwo inyigisho zijanye no kwandika neza ikirundi, zishobora kuba zinyuranye canke zuzuzanya na bimwe mu biri muri iyo nyandiko twabashikirize. Uko biri kwose, akamaro k'iki cegeranyo ni ntangere mu kudufasha kwandika neza ikirundi.

Twobamenyesha kandi ko iyo nyandiko twagerageje kuyikoporora uko iri ijambo ku rindi ataco duhinduyemwo («verbatim»). Ivyaduteye amakenga / amadiadane (akarorero: ikoreshwa ry'urudome L mu kirundi) twabishizeko akamenyetso kugira bishobotse tugire ico tubivuzeko.

Ukaba nawe hari ico wipfuza kudushikiriza canke kuganira natwe kijanye n'uyu mugambi wo guteza imbere ikirundi, ntutinye kudukoma ishwashwa: Twandikire canke uduhamagare kuri telefone: +61469365309.

Indimburo



GUKARISHA UBWENGE






Abărōngōye Uburŭndi


Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.