Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze [ Imyibutsa y'ikirundi]
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

Imwe mu ngorane canke amadidane ajanye no kwandika neza ururimi rw'ikirundi ni ikoreshwa ry'urudome L. Ico tubivugako.

"Mu nama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashule yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n'abigisha ikirundi kuri Kaminuza y'Uburundi hamwe n'abashingwakirundi bo mu biro vy'Indero Kavukire (B.E.R.). Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y'ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke." [*]

N'iki kibazo c'ikoreshwa ry'urudome L mu kirundi nticasizwe inyuma, aho abari muri iryo koraniro bashimye ko urudome L rutokoreshwa mu kirundi.

Insiguro canke imvo zatanzwe:

  1. Mu kirundi iryo jwi ryegereye R gusumba L.
  2. Amajambo matirano afatwa nk'ay'ikirundi, kuko aheza akigana inyubako n'imvugo y'ururimi rutira. Ni hamwe n'uburyo amajwi aheza agakurikirana.
    Uturorero:
    • Umukirisu: ntibavuga umukristu.
    • Ikawa yitwa robisita: ntibavuga robista.
    • Intara ya Afirika: ntibavuga Afrika.

Ikirundi ku ngurukanabumenyi tuvyibazako iki?

Mwoba mumaze kubona dukoresha urudome L hano ku kirundi ku ngurukanabumenyi nko mu majambo akurikira: Igiswahili, Icongeleza, Noheli, umukoloni,...

Ntitwabaye kwihenda ahubwo ni uko hano ku kirundi ku ngurukanabumenyi tubona ko ugukoresha urudome L mu kirundi hari aho bikenerwa cane cane mu majambo mvamahanga.

Gukoresha urudome «L» mu rurimi rw'ikirundi, haba mu mvugo canke mu nyandiko, hari igihe usanga bikenewe!

1. Amajambo kama y'ikirundi

Mu bisanzwe amajambo kama y'ikirundi usanga iyo umuntu akoresheje urudome L mu kibanza ca R bica vyumvikana nk'aho umengo avuze amakosa, hari n'aho bamwe bavuga ko ariko aravuga uburimi. Akarorero nk'iyo umuntu avuze ngo: «Mwalamutse mwese mukolaniye ng'aha. Jewe nkomoka haliya mu Bulundi bwa Nyabulunga, iyo Imana yavuye», ntibinyura amatwi, ahubwo wogira ni umunyamahanga ariko ariga ikirundi canke umuntu afise ingorane zo kugoborora ururimi ngo asohore amajwi neza.

Muri make, amajambo kama y'ikirundi nta rudome L akenera.


Uturorero:

  • Umurundi
  • Mwaramutse
  • Amahoro
  • Uburaro
  • Uburamuko
  • Kurima
  • Amaburakindi
  • Umulundi
  • Mwalamutse
  • Amaholo
  • Ubulalo
  • Ubulamuko
  • Kulima
  • Amabulakindi

2. Amajambo y'amatirano (mvamahanga)

Musanzwe muzi ko indimi zose aho ziva zikagera zama zitira amajambo akomoka mu zindi ndimi, rimwe na rimwe agahindurwa kandi agakoreshwa nk'amajambo kama. No mu kirundi ni uko nyene, hariho amajambo menshi cane dukoresha mu kirundi y'amatirano ariko ubu yamaze gufatwa nk'ikirundi. Akarorero ni ijambo Abarundi bakunze gukoresha mu kuramukanya «Yambu» ryakomotse kw'ijambo ry'igiswahili «Jambo». Utundi turorero: iradiyo (radio), imashini (machine), ijipo (jupeau), imodokari (motor car), ishati (shirt).

Iyo rero mwene ayo majambo arimwo urudome L bica bivyara za ngorane twariko turavuga aho hejuru. Iyo ukoresheje ayo majambo mu kirundi, urwo rudome L ukarusubiriza urudome R, kenshi na kenshi usanga bitanyura amatwi bigaheza bikaboneka kandi bikwumvikana nkaho uriko urica ururimi. Vyibonekeza cane cane mu mazina y'abantu (Lumumba, Luka,..) canke ahantu (Kampala, Kigali,...)


Uturorero

  • Kigali
  • Lumumba
  • Aleluya
  • Ekleziya
  • Gloriya
  • Umumalayika
  • Noheli
  • Ludoviko
  • Luwize
  • Leya
  • Icongeleza
  • Igiswahili
  • Umukoloni
  • Politike
  • Kigari
  • Rumumba
  • Areruya
  • Ekereziya
  • Groriya
  • Umumarayika
  • Noheri
  • Rudoviko
  • Ruwize
  • Reya
  • Icongereza
  • Igiswahiri
  • Umukoroni
  • Poritike

Indimburo



GUKARISHA UBWENGE






Abărōngōye Uburŭndi


Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.