Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze [ Imyibutsa y'ikirundi]
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

Uburuhuko burageze

Igihe kiragiye. Harageze ko tuja mu buruhuko bukuru. Mugabo rero ikibazo kiracaturaririye. Uwutazogitora azoguma muri iri somero. Azoca yigana n\'abana batobato cane batazi gusoma na gatoyi. Ababizi na bo bazoduga mu wa kabiri. Tugerageze rero tucitegurire neza, dusome, tuvuge, duharure ni ho tutazohitira.

Dusome 1



GUKARISHA UBWENGE






Abărōngōye Uburŭndi


Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.