Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze [ Imyibutsa y'ikirundi]
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 1, p. 61
Aa Bb Cc Dd Ee Ff Gg Hh Ii Jj Kk Mm Nn

Oo Pp Qq Rr Ss Tt Uu Vv Ww Yy Zz

- Rurihose afise abana batatu: Musa, Aroni na Diriyano.

- Umusozi Heha ni muremure, uruta Teza na Kavumu.

- Ejo Sohabo yagiye kuraba uruzi Rusizi. Gatogato na we aja kuraba Mugere na Waga.

- Sipiriyano, Nesitori na Viyane baherekeje patiri gusoma imisa mu Rutana.

- Aho data yamanuka mu Kumoso, umuhererezi wacu yasigaye ararira.

- Fokasi yaguriye ibirato abana biwe: Perajiya na Inamahoro.

- Yamuzaniye ya masabuni yamutuma, murumunawe Jema aca arayamesuza amabutura ya Zozimu.

- Umuti bamuhaye urakaze.

- Ogereza iyo sahani Bukuru.

Dusome 1



GUKARISHA UBWENGE






Abărōngōye Uburŭndi


Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.